Imigani 10:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Akanwa k’umugororotsi, kama icamwa c’ubukerebutsi+, ariko ururimi rugoramye ruzorandurwa+. Imigani 18:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Iminwa y’ikijuju yinjira mu mitongano+, kandi akanwa kaco gahamagara inkoni+. Umusiguzi 10:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Amajambo y’akanwa k’umuntu w’inkerebutsi avamwo ubutoni+, mugabo iminwa y’ikijuju irakimira+. Yakobo 3:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Mugabo ururimi, nta n’umwe mu bantu ashobora kurugunda. Ni ikintu kibi c’akagaramaruganda, cuzuye ubumara bwica+.
8 Mugabo ururimi, nta n’umwe mu bantu ashobora kurugunda. Ni ikintu kibi c’akagaramaruganda, cuzuye ubumara bwica+.