Zaburi 41:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Iki ni co menyerako yuko wahimbawe nanje,Ni uko umwansi wanje atiha akaruru k’intsinzi anyigambako+. Zaburi 84:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Bazoguma bagenda biyubura mu nkomezi+;Umwe wese araseruka imbere y’Imana i Siyoni+. Imigani 18:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Izina rya Yehova ni umunara ukomeye+. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa+. Yesaya 40:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 mugabo abizigira+ Yehova bazosubira kugira ububasha+. Bazodugisha amababa nk’inkona+. Bazokwiruka ntibarambirwe; bazogenda ntibaruhe+.” Abafilipi 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha+.
11 Iki ni co menyerako yuko wahimbawe nanje,Ni uko umwansi wanje atiha akaruru k’intsinzi anyigambako+.
31 mugabo abizigira+ Yehova bazosubira kugira ububasha+. Bazodugisha amababa nk’inkona+. Bazokwiruka ntibarambirwe; bazogenda ntibaruhe+.”