Zaburi 45:1 Bibiliya y’isi nshasha 45 Umutima wanje urabiragizwa n’ikintu ciza+.Mvuga nti: “Ibikorwa vyanje ni ivyerekeye umwami+.”Ururimi rwanje nirube agasáruzo+ k’umwimuzi w’umuhanga+. Imigani 16:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Umutima w’umuntu w’inkerebutsi utera akanwa kiwe kwerekana ugutahura kwimbitse+, kandi wongera ku minwa yiwe ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa+. Umusiguzi 10:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Amajambo y’akanwa k’umuntu w’inkerebutsi avamwo ubutoni+, mugabo iminwa y’ikijuju irakimira+. Yesaya 50:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+. Yohani 7:46 Bibiliya y’isi nshasha 46 Nya bapolisi bishura bati: “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we+.”
45 Umutima wanje urabiragizwa n’ikintu ciza+.Mvuga nti: “Ibikorwa vyanje ni ivyerekeye umwami+.”Ururimi rwanje nirube agasáruzo+ k’umwimuzi w’umuhanga+.
23 Umutima w’umuntu w’inkerebutsi utera akanwa kiwe kwerekana ugutahura kwimbitse+, kandi wongera ku minwa yiwe ubushobozi bwo gutuma umuntu anyurwa+.
4 Umukama Segaba Yehova ubwiwe yampaye ururimi rw’abigishijwe+, ngo menye ingene nishurisha ijambo uwurushe+. Ankangura uko bukeye; ugutwi kwanje agukangurira kwumva nk’abigishijwe+.