1 Samweli 22:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino. 1 Abami 2:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Maze Umwami Salomo abwirwa ngo: “Yowabu yahungiye mw’ihema rya Yehova, kandi ehe ari iruhande y’igicaniro.” Salomo atuma rero Benaya mwene Yehoyada, amubwira ati: “Genda, umugurukireko+!” Imigani 19:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Ubushangashirwe bw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+, mugabo ubutoni bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi+. Imigani 20:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Uguca ivutu kw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+. Uwikwegera uburake bwiwe aba ariko yicumurako+. Daniyeli 3:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Uwo mwanya nyene, Nebukadinezari yashangashiwe akaraka+, avuga ko bazana Shaduraki na Meshaki na Abedinego+. Nuko abo bagabo bazanwa imbere y’umwami.
18 Amaherezo umwami abwira Dowegi+ ati: “Wewe nuhindukire, ugurukire kuri abo baherezi!” Buno nyene Dowegi Umwedomu+ arahindukira, agurukira kuri nya baherezi; kuri uwo musi yica+ abagabo mirongo umunani na batanu bambara efodi+ y’ilino.
29 Maze Umwami Salomo abwirwa ngo: “Yowabu yahungiye mw’ihema rya Yehova, kandi ehe ari iruhande y’igicaniro.” Salomo atuma rero Benaya mwene Yehoyada, amubwira ati: “Genda, umugurukireko+!”
12 Ubushangashirwe bw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+, mugabo ubutoni bwiwe bumeze nk’ikime ku vyatsi+.
2 Uguca ivutu kw’umwami ni ukuroha nk’ukw’intambwe y’umukangara y’umugāra+. Uwikwegera uburake bwiwe aba ariko yicumurako+.
13 Uwo mwanya nyene, Nebukadinezari yashangashiwe akaraka+, avuga ko bazana Shaduraki na Meshaki na Abedinego+. Nuko abo bagabo bazanwa imbere y’umwami.