1 Samweli 13:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 nca nibwira nti+: ‘Noneho Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali ntaratakambira* Yehova.’ Naciye rero nigobera+, nshikana ikimazi giturirwa.” 1 Samweli 15:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama; Imigani 21:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi+. Hari akantu iyo umuntu akizanye kiri kumwe n’ubushirasoni+! Yesaya 1:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nimureke kuzana ayandi mashikanwa y’intete ata co amaze+. Imibavu*—ni ikintu kintera ishishi+. Imboneko y’ukwezi+ n’isabato+, uguhamagaza ihwaniro+—sinshobora kwihanganira ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza+ hamwe n’ikoraniro ry’agakūra. Hoseya 6:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.
12 nca nibwira nti+: ‘Noneho Abafilisitiya bahava bamanuka kuntera i Gilugali ntaratakambira* Yehova.’ Naciye rero nigobera+, nshikana ikimazi giturirwa.”
22 Samweli na we avuga ati: “Mbega Yehova ahimbarwa n’amashikanwa aturirwa+ be n’ibimazi kuruta kugamburuka ijwi rya Yehova? Erega kugamburuka+ kuruta ikimazi+, kwumvira kukaruta ibinure+ vy’impfizi z’intama;
27 Ikimazi c’ababisha ni ikintu giteye ishishi+. Hari akantu iyo umuntu akizanye kiri kumwe n’ubushirasoni+!
13 Nimureke kuzana ayandi mashikanwa y’intete ata co amaze+. Imibavu*—ni ikintu kintera ishishi+. Imboneko y’ukwezi+ n’isabato+, uguhamagaza ihwaniro+—sinshobora kwihanganira ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza+ hamwe n’ikoraniro ry’agakūra.
6 Kuko mpimbarwa n’ubuntu bwuzuye urukundo+, si ibimazi+; kandi mpimbarwa n’ukumenya Imana aho guhimbarwa n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.