Zaburi 138:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko Yehova ari hejuru, yamara arabona uwuciye bugufi+;Ariko uwiduza amumenyera kure gusa+. Imigani 13:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kubera ukwita imbere, umuntu atera intambara gusa+, mugabo mu baja inama hari ubukerebutsi+. Abagalatiya 6:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kuko nimba hari uwiyumvira ko hari ico ari kandi ari ubusa+, aba ariko arahenda umuzirikanyi wiwe. Yakobo 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Bene wacu, ku bijanye n’ukwiyumanganya mu mibabaro+ n’ukwihangana+, mufatire akarorero+ ku bahanuzi+, abavuze mw’izina rya Yehova+. 1 Petero 5:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
10 Bene wacu, ku bijanye n’ukwiyumanganya mu mibabaro+ n’ukwihangana+, mufatire akarorero+ ku bahanuzi+, abavuze mw’izina rya Yehova+.
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.