ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 6:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu ca kure canke ca hafi+;

  • Zaburi 51:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Raba! Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka+,

      Kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro+.

  • Zaburi 130:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho+, ewe Ya,

      Ewe Yehova, ni nde yohagaze+?

  • Zaburi 143:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  2 Kandi ntujane mu rubanza umusavyi wawe ngo muburane+;

      Kuko ata muzima n’umwe ashobora kuba umugororotsi imbere yawe+.

  • Imigani 20:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ni nde yovuga ati: “Naratyoroye umutima wanje+; nsigaye nera ku gicumuro canje+”?

  • Abaroma 3:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kuko bose bacumuye+ bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana+,

  • Yakobo 3:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.

  • 1 Yohani 1:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Iyo tuvuze ngo: “Nta gicumuro dufise+,” tuba turiko turizimiza+ kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika