2 Ngoma 6:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu ca kure canke ca hafi+; Zaburi 51:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Raba! Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka+,Kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro+. Zaburi 130:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho+, ewe Ya,Ewe Yehova, ni nde yohagaze+? Zaburi 143:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kandi ntujane mu rubanza umusavyi wawe ngo muburane+;Kuko ata muzima n’umwe ashobora kuba umugororotsi imbere yawe+. Imigani 20:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ni nde yovuga ati: “Naratyoroye umutima wanje+; nsigaye nera ku gicumuro canje+”? Abaroma 3:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kuko bose bacumuye+ bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana+, Yakobo 3:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose. 1 Yohani 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Iyo tuvuze ngo: “Nta gicumuro dufise+,” tuba turiko turizimiza+ kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.
36 “Nibagucumurako+ (kuko ata muntu adacumura+), maze bikaba ngombwa ko ubarurumbira ishavu, ukabagabura ku mwansi, hanyuma bene kubagira imbohe bakabatwara koko ari imbohe mu gihugu ca kure canke ca hafi+;
2 Kandi ntujane mu rubanza umusavyi wawe ngo muburane+;Kuko ata muzima n’umwe ashobora kuba umugororotsi imbere yawe+.
2 Kuko twese dutsitara kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo+, uyo ni umuntu atagira akanenge+, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.
8 Iyo tuvuze ngo: “Nta gicumuro dufise+,” tuba turiko turizimiza+ kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.