Indirimbo ya Salomo 4:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ingo tujane tuvuye i Libani, ewe mugeni+, tujane tuvuye i Libani+. Numanuke uvuye kw’isonga rya Anti-Libani, uvuye kw’isonga rya Seniri+, mbere kuri Herumoni+, uvuye mu butaho bw’intambwe, uvuye mu misozi y’ingwe. Yohani 3:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 Uwufise umugeni ni we mukwe+. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze amwumva, aragira akanyamuneza kenshi kubera ijwi rya nya mukwe. Ako kanyamuneza kanje rero karujujwe+. Ivyahishuwe 21:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Maze haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, avugana nanje ati: “Ingo hano, nkwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama+.”
8 Ingo tujane tuvuye i Libani, ewe mugeni+, tujane tuvuye i Libani+. Numanuke uvuye kw’isonga rya Anti-Libani, uvuye kw’isonga rya Seniri+, mbere kuri Herumoni+, uvuye mu butaho bw’intambwe, uvuye mu misozi y’ingwe.
29 Uwufise umugeni ni we mukwe+. Ariko umugenzi w’umukwe, iyo ahagaze amwumva, aragira akanyamuneza kenshi kubera ijwi rya nya mukwe. Ako kanyamuneza kanje rero karujujwe+.
9 Maze haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, avugana nanje ati: “Ingo hano, nkwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama+.”