ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 6:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuri ivyo mvuga nti: “Kugeza ryari ga Yehova+?” Maze avuga ati: “Gushika ibisagara bihomvaguritse koko, bigasigara ata wubibamwo, n’amazu agasigara ata muntu yakuwe mw’ivu ayabamwo, n’ubutaka bugatikizwa bugacika umusaka+;

  • Yesaya 17:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuri uwo musi ibisagara vyiwe vy’iboma bizocika nk’ikibanza gihebewe mw’ishamba buhere, mbere nk’ishami bahevye buhere kubera bene Isirayeli; kandi hategerezwa gucika igiharabuga+.

  • Yeremiya 26:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Mika+ w’i Moresheti+ yaravuga ubuhanuzi mu misi ya Hezekiya umwami wa Yuda+, maze abwira abantu bose bo muri Yuda ati: ‘Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: “Siyoni izorimwa nk’umurima+, Yeruzalemu na yo icike ibirundo vy’ibihomvagurike+, kandi umusozi w’Inzu uzoba ibibanza bikirurutse vy’ikibira+.”’

  • Gucura intimba 2:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Yehova yabaye nk’umwansi+. Yamize miyonzwa Isirayeli+.

      Yamize miyonzwa iminara yo kubamwo yiwe yose+; yahoneje ibibanza vyiwe bikingijwe ibihome+.

      Kandi agwiza mu mukobwa wa Yuda ukugandara n’ugucura intimba+.

  • Ezekiyeli 36:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 ku bw’ivyo rero ga yemwe misozi ya Isirayeli+, nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova! Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova abwiye imisozi n’imirambi, inzira z’imigezi n’imibande n’ibibanza vyatikijwe vyagizwe umusaka+, be n’ibisagara vyahebwe vyahavuye biba ivyo gusahurwa no gushinyagurirwa n’amasigarira y’amahanga ari hirya no hino+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika