Itanguriro 22:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+. Yeremiya 33:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nk’uko ingabo zo mu majuru zidashobora guharurwa, canke ngo umusenyi w’ikiyaga ugerwe+, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje n’Abalewi bankorera+.’” Hoseya 1:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 “Kandi igitigiri ca bene Isirayeli kizoba koko nk’udutete tw’umusenyi two ku kiyaga tudashobora kugerwa canke guharurwa+. Kandi aho bahora babwirirwa ngo: ‘Ntimuri abantu banje+,’ bazohabwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima+.’
17 ni ukuri nzoguhezagira, kandi ni ukuri nzogwiza uruvyaro* rwawe nk’inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga+; kandi uruvyaro rwawe ruzokwigarurira irembo ry’abansi barwo+.
22 Nk’uko ingabo zo mu majuru zidashobora guharurwa, canke ngo umusenyi w’ikiyaga ugerwe+, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje n’Abalewi bankorera+.’”
10 “Kandi igitigiri ca bene Isirayeli kizoba koko nk’udutete tw’umusenyi two ku kiyaga tudashobora kugerwa canke guharurwa+. Kandi aho bahora babwirirwa ngo: ‘Ntimuri abantu banje+,’ bazohabwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima+.’