Gusubira mu vyagezwe 16:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi. Imigani 17:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Umubisha atora igiturire agikuye mu gikiriza+, kugira agoreke iminyuro y’urubanza+. Yesaya 1:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+. Mika 3:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Abakuru biwe baca imanza ku giturire+, abaherezi biwe bakigishiriza ingero+, abahanuzi biwe na bo bakaragura ku mahera+; yamara baguma bishimikiza Yehova mu kuvuga bati: “Mbega Yehova ntari hagati muri twebwe+? Ntituzoshikirwa n’ivyago+.” Yakobo 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mugabo nimba mubandanya kugira nkunzi+, muriko mukora igicumuro, kuko mukangirwa n’itegeko+ nk’abarenga itegeko.
19 Ntuze ugoreke urubanza+. Ntuze ugire nkunzi+ canke ngo wemere igiturire, kuko igiturire gihuma amaso y’inkerebutsi+ kandi kikagoramika amajambo y’abagororotsi.
23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.
11 Abakuru biwe baca imanza ku giturire+, abaherezi biwe bakigishiriza ingero+, abahanuzi biwe na bo bakaragura ku mahera+; yamara baguma bishimikiza Yehova mu kuvuga bati: “Mbega Yehova ntari hagati muri twebwe+? Ntituzoshikirwa n’ivyago+.”
9 Mugabo nimba mubandanya kugira nkunzi+, muriko mukora igicumuro, kuko mukangirwa n’itegeko+ nk’abarenga itegeko.