3 guha abagandariye Siyoni, kubaha icambarwa co mu mutwe mu kibanza c’iminyota+, amavuta y’umwigino+ mu kibanza c’ikigandaro, umutamana w’ishemezo mu kibanza c’umutima udendebukiwe+; kandi bazokwitwa vy’ukuri ibiti bininibinini vy’ubugororotsi+, umurima watewe na Yehova+, kugira ngo asharizwe+.