ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 14:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Kandi ibisata vy’abantu bizobatora bibazane ahantu habo, kandi inzu ya Isirayeli izobijanira bwa kintu bigabira ku butaka bwa Yehova, ari abasuku n’abasukukazi+; bazogira imbohe+ abari babagize imbohe, kandi bazoganza abahora babahindagiza ku bikorwa+.

  • Yesaya 45:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Abakozi badahembwa ba Misiri+ be n’abadandaza ba Etiyopiya be n’Abasabeya+, abagabo barebare+, ubwabo bazoza bagushikire, bacike abawe+. Bazogendera inyuma yawe; bazoza mu mapingu+, bakwunamire+. Bazogusenga bati: ‘Koko, Imana iri mu bumwe nawe+, kandi nta yindi n’imwe iriho; nta yindi Mana iriho+.’”

  • Yeremiya 16:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ewe Yehova nkomezi zanje n’igihome canje gikomeye, buhungiro bwanje ku musi w’amarushwa+, amahanga azoza kuri wewe avuye ku mpera z’isi+, avuge ati: “Vy’ukuri ba sogokuruza bacu batunze ikinyoma gusa+, ivy’ubusa be n’ibintu ata kamaro vyarimwo+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika