2 Aze arizanire bene Aroni, abaherezi, kandi umuherezi aze akamate kuri ryo urushi rw’ifu yaryo inoze n’amavuta yaryo kumwe n’imibavu yaryo yose ya olibani. Aze arifumbishe umwotsi ku gicaniro bwa cibutsa+ caryo, bwa shikanwa rishikanishwa umuriro ry’akamoto karuhura kuri Yehova.