Abalewi 26:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kandi nzorungika muri mwebwe ibikoko vyo mu gahinga+, na vyo ata gukeka bizobahekura+, bimare ibitungwa vyanyu vyongere bigabanye igitigiri canyu, n’amayira yanyu acike vy’ukuri umusaka+. 2 Abami 17:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Maze batanguye kubayo, ntibatinya+ Yehova. Ku bw’ivyo Yehova abarungikamwo intambwe+, na zo zikaza zirabica. Yeremiya 15:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “‘Nzobashiriraho ubwoko bune bw’ivyago+,’ ni ko Yehova avuze: ‘inkota yo kwica, imbwa zo kuburuta, ibiremwa biguruka vyo mu kirere+ n’ibikoko vyo kw’isi vyo kurya no guhonya. Amosi 5:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 ni nk’igihe umuntu ahunga intambwe hanyuma agahura n’idubu; kandi ni nk’igihe yinjira mu nzu, agafadikiza ikiganza ciwe ku ruhome, hanyuma inzoka ikamukomora+.
22 Kandi nzorungika muri mwebwe ibikoko vyo mu gahinga+, na vyo ata gukeka bizobahekura+, bimare ibitungwa vyanyu vyongere bigabanye igitigiri canyu, n’amayira yanyu acike vy’ukuri umusaka+.
25 Maze batanguye kubayo, ntibatinya+ Yehova. Ku bw’ivyo Yehova abarungikamwo intambwe+, na zo zikaza zirabica.
3 “‘Nzobashiriraho ubwoko bune bw’ivyago+,’ ni ko Yehova avuze: ‘inkota yo kwica, imbwa zo kuburuta, ibiremwa biguruka vyo mu kirere+ n’ibikoko vyo kw’isi vyo kurya no guhonya.
19 ni nk’igihe umuntu ahunga intambwe hanyuma agahura n’idubu; kandi ni nk’igihe yinjira mu nzu, agafadikiza ikiganza ciwe ku ruhome, hanyuma inzoka ikamukomora+.