ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Inderetsi+ yari ihagaze ku munara+ i Yezireyeli+, maze ibona ikigwi kigigimba c’abagabo ba Yehu igihe yariko araza, ica ivuga iti: “Ndabona ikigwi c’abagabo kigigimba.” Yehoramu aca avuga ati: “Tora uwurwanira kw’ifarasi umurungike guhura na bo, aheze avuge ati: ‘Ni amahoro+?’”

  • Yesaya 62:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ku mpome zawe, ewe Yeruzalemu, nahashize inderetsi+. Umurango wose n’ijoro ryose, nantaryo, ntizigume zinumiye+.

      “Mwebwe abavuga Yehova+, ntimucereze+,

  • Yeremiya 51:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Nimudugirize ikimenyetso impome za Babiloni+. Mukomeze igikorwa c’ukurereka+. Mushireho inderetsi. Mutegure abo kubunda+. Kuko Yehova yateguye iciyumviro kandi akaba azokora koko ivyo yavuze ku baba i Babiloni+.”

  • Ezekiyeli 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “Mwana w’umuntu, nakugize inderetsi y’inzu ya Isirayeli+; uzokwumva ijambo riva mu kanwa kanje, nawe ubaburire ibivuye kuri jewe+.

  • Ezekiyeli 33:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 hanyuma akabona koko inkota ije ku gihugu, akavuza inzamba, akaburira abantu+,

  • Habakuki 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nzoguma mpagaze ku kirindiro canje+, ngume nshibamye ku kibambazi; nzoguma nderetse+ kugira ngo ndabe ico azovuga biciye kuri jewe+ be n’ico nzokwishura ninakangirwa+.

  • Matayo 24:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge+ shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika