Yesaya 33:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Raba! Abahizi babo baborogeye mw’ibarabara; intumwa z’amahoro+ zizorira zibogoze. Yeremiya 4:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ewe mara yanje, mara yanje! Ububabare bukaze busatiriye umutima wanje+. Umutima wanje uriko urasebagirika muri jewe+. Sinshobora kuguma ncereje, kuko numvise ijwi ry’inzamba, ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara+. Yeremiya 6:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Ewe mukobwa w’igisata canje, kenyera amagunira+, wikumbagaze mu minyota+. Ukugandara kwawe nukugire ukugandarira umwana w’ikinege, ukuboroga kw’umururazi+; kuko umunyazi azotuzako giturumbuka+. Yeremiya 9:1 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ese iyo umutwe wanje uba wari amazi, n’amaso yanje akaba yari isôko ry’amosozi+! Norize rero umurango n’ijoro ndirira abagandaguwe b’umukobwa w’abantu banje+. Mika 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ku bw’ivyo, nzoboroga nongere ndire+; nzogenda ibirenge bigaragara kandi ndi gusa+. Nzoboroga nk’imbwebwe, ngandare nk’ibinyoni vyitwa imbuni vy’ibigore.
19 Ewe mara yanje, mara yanje! Ububabare bukaze busatiriye umutima wanje+. Umutima wanje uriko urasebagirika muri jewe+. Sinshobora kuguma ncereje, kuko numvise ijwi ry’inzamba, ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara+.
26 Ewe mukobwa w’igisata canje, kenyera amagunira+, wikumbagaze mu minyota+. Ukugandara kwawe nukugire ukugandarira umwana w’ikinege, ukuboroga kw’umururazi+; kuko umunyazi azotuzako giturumbuka+.
9 Ese iyo umutwe wanje uba wari amazi, n’amaso yanje akaba yari isôko ry’amosozi+! Norize rero umurango n’ijoro ndirira abagandaguwe b’umukobwa w’abantu banje+.
8 Ku bw’ivyo, nzoboroga nongere ndire+; nzogenda ibirenge bigaragara kandi ndi gusa+. Nzoboroga nk’imbwebwe, ngandare nk’ibinyoni vyitwa imbuni vy’ibigore.