ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 33:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Raba! Abahizi babo baborogeye mw’ibarabara; intumwa z’amahoro+ zizorira zibogoze.

  • Yeremiya 4:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ewe mara yanje, mara yanje! Ububabare bukaze busatiriye umutima wanje+. Umutima wanje uriko urasebagirika muri jewe+. Sinshobora kuguma ncereje, kuko numvise ijwi ry’inzamba, ikimenyetso c’ukugabisha c’intambara+.

  • Yeremiya 6:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ewe mukobwa w’igisata canje, kenyera amagunira+, wikumbagaze mu minyota+. Ukugandara kwawe nukugire ukugandarira umwana w’ikinege, ukuboroga kw’umururazi+; kuko umunyazi azotuzako giturumbuka+.

  • Yeremiya 9:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ese iyo umutwe wanje uba wari amazi, n’amaso yanje akaba yari isôko ry’amosozi+! Norize rero umurango n’ijoro ndirira abagandaguwe b’umukobwa w’abantu banje+.

  • Mika 1:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ku bw’ivyo, nzoboroga nongere ndire+; nzogenda ibirenge bigaragara kandi ndi gusa+. Nzoboroga nk’imbwebwe, ngandare nk’ibinyoni vyitwa imbuni vy’ibigore.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika