Zaburi 137:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ewe mukobwa wa Babiloni ubwirizwa kunyagwa+,Azoba ahiriwe uwuzoguhemba+Akakugirira uko ubwawe watugiriye+. Yeremiya 25:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “‘Maze imyaka mirongo irindwi niyakwira+, nzogira ico mbaza umwami wa Babiloni n’iryo hanga+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kubera ikosa ryabo, egome, ngire ico mbaza igihugu c’Abakaludaya+, kandi nzokigira ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero+. Yeremiya 50:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Nimutonde kugira mutere Babiloni impande zose+, mwese abahonyora umuheto+. Nimumurase+. Ntihagire umwampi musigaza, kuko yacumuye kuri Yehova+. Yeremiya 50:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Mugandagure ibimasa vyiwe vyose+. Nibimanuke gukererwa+. Biragowe, kuko umusi wavyo ushitse, egome, igihe co kuvyitaho+! Daniyeli 5:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 “Insobanuro y’iryo jambo ni iyi: MENE: Imana yaharūye imisi y’ubwami bwawe iraburangiza+.
8 Ewe mukobwa wa Babiloni ubwirizwa kunyagwa+,Azoba ahiriwe uwuzoguhemba+Akakugirira uko ubwawe watugiriye+.
12 “‘Maze imyaka mirongo irindwi niyakwira+, nzogira ico mbaza umwami wa Babiloni n’iryo hanga+,’ ni ko Yehova avuze, ‘kubera ikosa ryabo, egome, ngire ico mbaza igihugu c’Abakaludaya+, kandi nzokigira ibiharabuga gushika igihe kitagira urugero+.
14 “Nimutonde kugira mutere Babiloni impande zose+, mwese abahonyora umuheto+. Nimumurase+. Ntihagire umwampi musigaza, kuko yacumuye kuri Yehova+.
27 Mugandagure ibimasa vyiwe vyose+. Nibimanuke gukererwa+. Biragowe, kuko umusi wavyo ushitse, egome, igihe co kuvyitaho+!