ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi Yehova Imana yawe azobwirizwa kugenyera umutima wawe+ n’umutima w’uruvyaro rwawe+, kugira ukunde Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose, ku bw’ubuzima bwawe+.

  • Yeremiya 24:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nzobaha umutima kugira bamenye jewe+, bamenye yuko jewe ndi Yehova; kandi bazoba koko abantu banje+, nanje mbe Imana yabo, kuko bazongarukako n’umutima wabo wose+.

  • Mariko 12:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose+.’

  • Abaroma 2:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Mugabo Umuyuda ni uwuri we imbere+, kandi ukugenyerwa kwiwe ni ukw’umutima+ biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse+. Ishimagizwa+ ry’uwo ntiriva ku bantu, ahubwo riva ku Mana+.

  • 2 Timoteyo 2:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Hunga rero ivyipfuzo bijana n’ubuto+, mugabo ukurikirane ubugororotsi+, ukwizera, urukundo, amahoro+, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika