Gusubira mu vyagezwe 24:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Ba se ntibakwiye kwicwa bazira abana, kandi n’abana ntibakwiye kwicwa bazira ba se+. Umwe wese azopfa ahowe igicumuro ciwe bwite+. Yesaya 3:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Aragowe umubisha!—Ivyago bari kumwe; kuko ivyo amaboko yiwe yagiriye abandi ari vyo azogirirwa+! Ezekiyeli 18:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Raba! Abantu bose ni abanje+. Se w’umwana+, cokimwe n’umwana, ni abanje+. Umuntu* acumura+ ni we azopfa+. Abagalatiya 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;
16 “Ba se ntibakwiye kwicwa bazira abana, kandi n’abana ntibakwiye kwicwa bazira ba se+. Umwe wese azopfa ahowe igicumuro ciwe bwite+.
4 Raba! Abantu bose ni abanje+. Se w’umwana+, cokimwe n’umwana, ni abanje+. Umuntu* acumura+ ni we azopfa+.