ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 6:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko Yehova abwira Musa ati: “Ubu ugira ubone ico nzokorera Farawo+, kuko biciye ku kiganza gikomeye azobarekura, kandi biciye ku kiganza gikomeye azobirukana mu gihugu ciwe+.”

  • Kuvayo 15:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ivutu n’ukuranduka umutima bizobagwako+.

      Kubera ubukuru bw’ukuboko kwawe, bazoba abadakakaza nk’ibuye,

      Gushika abantu bawe+ barenganye, ewe Yehova,

      Gushika abantu wishiriyeho+ barenganye+.

  • Gusubira mu vyagezwe 26:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Amaherezo Yehova adukuza mu Misiri ikiganza gikomeye+, n’ukuboko kuramvuye+, n’ububasha bukomeye kandi buteye ubwoba+, n’ibimenyetso be n’ibitangaro+.

  • 1 Ngoma 17:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Vyongeye, ni irindi hanga irihe mw’isi rimeze nk’abantu bawe Isirayeli+, abo Imana y’ukuri yagiye kwicungurira bwa gisata c’abantu+, kugira wiheshe izina biciye ku bikorwa bikomeye+ no ku bintu biteye ubwoba, mu kwirukana amahanga+ imbere y’abantu bawe wicunguriye ubakuye mu Misiri?

  • Zaburi 136:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Abakujeyo ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+:

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika