ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 5:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Iyaba botsimbataje uyo mutima wabo bakantinya+ kandi bakagumya amabwirizwa yanje+ yose nantaryo, kugira ngo bibagendere neza n’abana babo gushika igihe kitagira urugero*+!

  • Yeremiya 6:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Emera ukosorwe+, ewe Yeruzalemu, kugira ngo noye kukuzinukwa nkirabira hirya+; kugira ngo sindakugire igiharabuga, igihugu ata wukibamwo+.”

  • Yeremiya 7:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Inzira zanyu n’ibikorwa vyanyu mubigire vyiza, nanje nzobareka mugume muba aha hantu+.

  • Yeremiya 9:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Ni nde muntu w’inkerebutsi, ngo ategere ivyo, egome, uwo akanwa ka Yehova kabibwiye, ngo abimenyekanishe+? Kubera iki igihugu coyogera koko, kigaturirwa koko nk’agahinga, ata wugicamwo+?”

  • Yeremiya 32:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Kandi bagumye bampa umugongo ntibampe mu maso+; naho nabigisha, nkazinduka nkabigisha, nta n’umwe muri bo yumviriza ngo yemere gutozwa indero+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika