2 Ngoma 36:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe+, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe+ n’aho aba+. Yeremiya 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ubu rero, ko mwagumye mukora ivyo bikorwa vyose,’ ni ko Yehova avuze, ‘nanje nkaguma mvugana namwe, mvyuka kare nkavuga+, mugabo ntimwumvirize+, kandi nkaguma ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+, Yeremiya 25:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Kuva mu mwaka ugira cumi na gatatu wa Yosiya+ mwene Amoni, umwami wa Yuda, gushika n’uyu musi, iyo myaka mirongo ibiri n’itatu ijambo rya Yehova ryanjeko, nanje nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije+.
15 Yehova Imana ya ba sekuruza babo aguma abarungikira imburi biciye ku ntumwa ziwe+, akazirungika incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe+ n’aho aba+.
13 Ubu rero, ko mwagumye mukora ivyo bikorwa vyose,’ ni ko Yehova avuze, ‘nanje nkaguma mvugana namwe, mvyuka kare nkavuga+, mugabo ntimwumvirize+, kandi nkaguma ndabahamagara, mugabo ntimwitabe+,
3 “Kuva mu mwaka ugira cumi na gatatu wa Yosiya+ mwene Amoni, umwami wa Yuda, gushika n’uyu musi, iyo myaka mirongo ibiri n’itatu ijambo rya Yehova ryanjeko, nanje nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije+.