ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Ngoma 36:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Mugabo baguma bashinyagurira+ izo ntumwa z’Imana y’ukuri, basuzugura amajambo yayo+ bongera batwenga+ abahanuzi bayo, gushika ubushangashirwe+ bwa Yehova buje ku bantu biwe, gushika aho gukira bitaba bigishoboka+.

  • Nehemiya 9:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Naho washinga intahe+ ubagiriza kugira ubagarukane kw’itegeko ryawe+, baritaye imbere+, ntibumviriza amabwirizwa yawe; baracumuye+ ku ngingo z’ubutungane zawe+, izo ngingo iyo umuntu azishikije akaba abaho koko bivuye kuri zo+. Bagumye bakutsa urutugu n’akagagazo+, bakomantaza izosi+, ntibumviriza+.

  • Yeremiya 11:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mugabo ntibumvirije canke ngo batege ugutwi+, ahubwo bagumye bagendera umwe wese mu kagagazo k’umutima wiwe mubi+; ni co catumye ndabazanako amajambo yose y’iri sezerano nari narabategetse gushitsa mugabo ntibayashitsa.’”

  • Yeremiya 25:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Kuva mu mwaka ugira cumi na gatatu wa Yosiya+ mwene Amoni, umwami wa Yuda, gushika n’uyu musi, iyo myaka mirongo ibiri n’itatu ijambo rya Yehova ryanjeko, nanje nagumye ndababwira, nzinduka nkavuga, mugabo ntimwumvirije+.

  • Zakariya 1:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 “‘Ntimube nka ba so+, abo abahanuzi ba kera bahamagaye+, ngo: “Ibi ni vyo Yehova nyen’ingabo avuze: ‘Ndabinginze mugaruke muve mu nzira zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi+.’”’

      “‘Mugabo ntibumvirije, kandi ntibanteze ugutwi+,’ ni ko Yehova avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika