12 Mu kwezi kugira gatanu, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, ni ukuvuga mu mwaka ugira cumi n’icenda w’Umwami Nebukadirezari+ umwami wa Babiloni, Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima, uwahagarara imbere y’umwami wa Babiloni, yinjira i Yeruzalemu.