ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 5:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Ni co gituma ishavu rya Yehova ryarurumbiye abantu biwe, kandi azobaramvurirako ukuboko abakubite+. Imisozi izohinda agashitsi+, imivyimba yabo na yo icike nk’imyavu hagati mu mabarabara+.

      Kubera ivyo vyose, ishavu ryiwe ntiryasubiye inyuma, mugabo ukuboko kwiwe kuracabanguye.

  • Ezekiyeli 38:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Kandi kubera jewe, amafi yo mu kiyaga, n’ibiremwa biguruka vyo mu kirere, n’ibikoko vyo mu gahinga, n’ivyikwega hasi vyose vyikwega ku butaka, n’abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka, bazosusumira+; kandi imisozi izosenyurirwa hasi vy’ukuri+, n’inzira zihanamye zizobwirizwa kugwa, mbere n’uruhome rwose ruzogwa rushike hasi.’

  • Nahumu 1:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Imisozi iratigise kubera we, n’imirambi irashonze+.

      Isi izosebagirika kubera mu maso hiwe; n’ubutaka bwimbuka buzosebagirika, be n’ababa kuri bwo bose+.

  • Habakuki 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Yarahagaze kugira anyiganyize isi+. Yararāvye, asimbasimbisha amahanga+.

      Imisozi y’ibihe bidahera yaramenaguritse+; imirambi yamaho igihe kitagira urugero yarunamye+. Izo ni zo nzira ziwe za kera.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika