19 Kandi nzogarukana Isirayeli mw’itongo ry’uburagiriro ryiwe+, na we azorisha koko kuri Karumeli+ no kuri Bashani+; mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ n’aka Gileyadi+, azohaga.’”
7 Emwe, kazocika akarere k’abasigaye b’inzu ya Yuda+. Ni ho bazorisha. Ku mugoroba bazokwigaramangira mu mazu ya Ashikeloni. Kuko Yehova Imana yabo azobitaho+, akagarukana koko abagizwe imbohe bo muri bo+.”