5 Mu nyuma bene Isirayeli bazogaruka barondere koko Yehova Imana yabo+, na Dawidi umwami wabo+; egome, bazoza kuri Yehova+ no ku kumera neza kwiwe badegedwa, mu kiringo ca nyuma c’imisi+.
21 kandi ababa mu gisagara kimwe bazoja koko ku baba mu kindi, bavuge bati: “Tabaranya tuje+ gutakambira*+ Yehova no kurondera Yehova nyen’ingabo. Na jewe nyene nzogenda+.”