ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 no kugira ntuhave uraramurira amaso yawe mu majuru ukabona koko izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ingabo zose zo mu majuru, maze vy’ukuri ukaryosharyoshwa ukavyunamira, ukabikorera+, ivyo Yehova Imana yawe yagabanganirije ibisata vy’abantu vyose munsi y’amajuru iyo ava akagera+.

  • Gusubira mu vyagezwe 17:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 maze akagenda agasenga izindi mana kandi akazunamira, canke akunamira izuba canke ukwezi canke ingabo zose zo mu majuru+, ikintu ntategetse+,

  • Yeremiya 44:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 mugabo tuzokora ijambo ryose ryavuye mu kanwa kacu+, kugira dufumbishirize umwotsi w’ibimazi ‘umwamikazi w’amajuru+’ twongere tumusukire amashikanwa y’ikinyobwa+, nk’uko twe+ na ba sogokuruza bacu+ n’abami bacu+ n’abaganwa bacu twagize mu bisagara vya Yuda no mu mabarabara ya Yeruzalemu, igihe twahora duhaga umukate kandi tukabaho tumerewe neza; ico gihe nta vyago twabona+.

  • Ivyakozwe 7:42
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 42 Nuko Imana irahindukira irabatanga+ ngo bakorere igikorwa ceranda ingabo zo mw’ijuru, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’abahanuzi+, ngo: ‘Mbega ni jewe mwashikaniye imbagwa n’ibimazi mu myaka mirongo ine mu gahinga, ga yewe nzu ya Isirayeli+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika