ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 19:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “‘Ntukagendagende mu bantu b’iwanyu ugenzwa no kubeshera+ umuntu. Ntugahagurukire kuvisha amaraso ya mugenzawe+. Ndi Yehova.

  • 2 Samweli 19:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Yarabesheye+ rero umusuku wawe ku mukama wanje umwami. Mugabo umukama wanje umwami ameze nk’umumarayika+ w’Imana y’ukuri; nukore rero ico ubona ko ari ciza mu maso yawe.

  • Zaburi 15:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  3 Nta we yabesheye n’ururimi rwiwe+.

      Nta kibi na kimwe yakoreye mugenziwe+,

      Kandi nta ceyi yasize umugenzi wiwe somambike+.

  • Imigani 20:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Uwugendagenda arondera kubeshera abandi ahishura ikiyago c’akabanga+; kandi ntukagiranire imigenderanire n’uwukwegakwegwa n’iminwa yiwe+.

  • Yeremiya 6:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Bose ni abantu b’akagagazo kuruta abandi+, abantu bagendagenda ari ababesheranyi+, bameze nk’umujumpu n’icuma. Bose bakora ivy’uguhonya+.

  • Ezekiyeli 22:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Muri wewe habonetse ababesheranyi katwa kugira ngo basese amaraso+; kandi muri wewe barīriye ku misozi+. Bashishikaye ubushirasoni hagati muri wewe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika