20 “Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+. Ni we ukwiye gukorera+, kandi ni we ukwiye kwumirako+, kandi mw’izina ryiwe ni ho ukwiye kurahira indahiro+.
16 ku buryo uwo wese azokwihesha umuhezagiro mw’isi azowihesha biciye kuri ya Mana y’ukwizera+, uwo wese arahira indahiro mw’isi na we akazorahira ya Mana y’ukwizera+; kubera ko amarushwa ya kera azokwibagirwa vy’ukuri no kubera ko azohishwa vy’ukuri amaso yanje+.
2 Kandi niwarahira+ koko uti: ‘Ndahiye ukubaho kwa Yehova, mu kuri+, mu butungane no mu bugororotsi+!’, amahanga azoheza rero yiheshe koko umuhezagiro muri we, kandi ni we azokwirata+.”