ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 31:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Maze ishavu ryanje rizobarurumbira koko kuri uyo musi+, kandi sinzobura kubata+ no kubahisha mu maso hanje+, bacike ikintu co kuyigizwa. Bazotegerezwa gushikirwa n’ivyago vyinshi n’amarushwa menshi+, kandi kuri uyo musi ntibazobura kuvuga ngo: ‘Mbega ibi vyago ntivyadushikiye kubera ko Imana yacu itari hagati yacu+?’

  • 2 Ngoma 15:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Barajanjagurana, ihanga n’irindi hanga+, igisagara n’ikindi gisagara, kuko Imana ubwayo yabagumiza mu muvurungano ikoresheje ubwoko bwose bw’amarushwa+.

  • Yesaya 27:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Udushami twiwe nitwuma, abagore bazoza bazotuvuna, batudomeke+. Kuko atari igisata gifise ugutegera gukarishe+. Ni co gituma Uwagihinguye ata mbabazi azokigirira, kandi Umubumvyi waco nta butoni azokigirira+.

  • Yesaya 63:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mugabo bo baragararije+, bababaza impwemu nyeranda yiwe+. Yaciye ahinduka umwansi+ wabo, we ubwiwe arabarwanya+.

  • Zakariya 8:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko imbere y’iyo misi ata mpembo y’abantu yariho+; nayo ku bijanye n’impembo y’ibitungwa, nta kintu nk’ico cariho; kandi ku wasohoka no ku winjira nta mahoro yariho kubera umurwanizi+, kuko naguma nshuhura abantu bose, umwe wese nkamushuhurira kuri mugenziwe+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika