ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 4:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Igihe uzoba ugeze habi kandi aya majambo yose akaba yagushitseko ku mpera y’imisi, uzobwirizwa rero kugaruka kuri Yehova Imana yawe+ no kwumviriza ijwi ryiwe+.

  • Yesaya 55:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Umubisha nahebe inzira yiwe+, n’umuntu agira nabi ahebe ivyiyumviro vyiwe+; nagaruke kuri Yehova, uwuzomugirira imbabazi+, ku Mana yacu, kuko izobabarira cane+.

  • Hoseya 6:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “Nimuze dusubire kuri Yehova+, kuko ari we yadutabaguye+ mugabo azodukiza+. Yagumye adukubita, mugabo azodutubika+.

  • Yoweli 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Nimutantamure imitima yanyu+, si impuzu zanyu+; nimugaruke kuri Yehova Imana yanyu, kuko ari umunyempuhwe n’umunyembabazi+, ateba gushavura+ kandi agwije ubuntu bwuzuye urukundo+, na we ntazobura kwicuza kuri ivyo vyago+.

  • Yakobo 4:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza+. Mukarabe iminwe yanyu, mwebwe abacumuzi+, kandi mutyorore imitima yanyu+, mwebwe abadafata ingingo+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika