ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 9:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kandi igihe Yehova yabarungika mukava i Kadeshi-baruneya+, ati: ‘Duga mwigarurire igihugu nzobaha!’, mwaciye mugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+; ntimwamwizeye+ canke ngo mwumvirize ijwi ryiwe+.

  • Zaburi 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Imana ntizobura kubabona nk’abagirwa n’icaha+;

      Bazogwa kubera inama zabo bwite+.

      Mu bigabitanyo vyabo indiri nibashwiragire+,

      Kuko bakugararije+.

  • Zaburi 107:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuko bari bagararije+ amajambo y’Imana+;

      Kandi impanuro ya Musumbavyose bari bayigaye+.

  • Yesaya 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nimwumve+, mwa majuru, tega ugutwi nawe si, kuko Yehova ubwiwe avuze ati: “Narakujije abana, ndabarera+, mugabo bo barangararije+.

  • Yesaya 63:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mugabo bo baragararije+, bababaza impwemu nyeranda yiwe+. Yaciye ahinduka umwansi+ wabo, we ubwiwe arabarwanya+.

  • Ezekiyeli 20:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘“Nuko batangura kungarariza+, ntibemera kunyumviriza. Ntibashiburira kure, umwumwe wese muri bo, ibintu bisesemye vy’amaso yabo, ntibaheba ibigirwamana vy’umwanda vya Misiri+, ku buryo nsezerana kubasukako ubushangashirwe bwanje, kugira ngo ndabarangirizeko ishavu ryanje hagati mu gihugu ca Misiri+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika