Gusubira mu vyagezwe 32:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Aho Yehova abiboneye, yaciye abagaya+,Kubera umwikomo abahungu biwe n’abakobwa biwe bamuteye. Zaburi 78:59 Bibiliya y’isi nshasha 59 Imana irumva+, iraraka+,Bituma ikengera Isirayeli bimwe bibi+. Zaburi 106:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Maze ishavu rya Yehova ritangura kururumbira abantu biwe+,Araheza yanka urunuka intoranwa yiwe+. Yeremiya 6:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Emera ukosorwe+, ewe Yeruzalemu, kugira ngo noye kukuzinukwa nkirabira hirya+; kugira ngo sindakugire igiharabuga, igihugu ata wukibamwo+.” Yeremiya 12:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Umwe ari intoranwa yanje yambereye nk’intambwe mu kibira. Arantontomeye. Ni co catumye ndamwanka+.
8 Emera ukosorwe+, ewe Yeruzalemu, kugira ngo noye kukuzinukwa nkirabira hirya+; kugira ngo sindakugire igiharabuga, igihugu ata wukibamwo+.”