36 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Kubera ko inambu ikaze yawe yasutswe+, n’ibihimba vyawe vy’ibanga+ bigapfukurirwa mu bumaraya bwawe ku bagukunda urukundo rukaze+ no ku bigirwamana vyawe vyose vy’umwanda biteye ishishi+, hamwe mbere n’amaraso y’abana bawe wabihaye+,