Yoweli 3:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Bagumye bapfindira ubupfindo abantu banje+, bagatanga umwana w’umuhungu bamukavye umumaraya+, umwana w’umukobwa bakamugurisha bamukavye umuvinyu, ngo binywere. Obadiya 11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuri wa musi wari wihagarariye ku ruhande, ku musi ab’ahandi bajana inteko za gisirikare ziwe kuzigira imbohe+, igihe abanyamahanga katwa binjirana mw’irembo ryiwe+ bagapfindira+ Yeruzalemu, na wewe wari nk’umwe muri bo. Nahumu 3:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 No-amoni na yo nyene yabwirizwa kujanwa mu bunyagano+; yarajanywe kugirwa imbohe. Abana biwe na bo nyene basabirijwe mw’ihuriro ry’amabarabara yose+; kandi abanyacubahiro biwe babagabanganye biciye ku bupfindo+; abahambaye biwe bose baboheshejwe amapingu+.
3 Bagumye bapfindira ubupfindo abantu banje+, bagatanga umwana w’umuhungu bamukavye umumaraya+, umwana w’umukobwa bakamugurisha bamukavye umuvinyu, ngo binywere.
11 Kuri wa musi wari wihagarariye ku ruhande, ku musi ab’ahandi bajana inteko za gisirikare ziwe kuzigira imbohe+, igihe abanyamahanga katwa binjirana mw’irembo ryiwe+ bagapfindira+ Yeruzalemu, na wewe wari nk’umwe muri bo.
10 No-amoni na yo nyene yabwirizwa kujanwa mu bunyagano+; yarajanywe kugirwa imbohe. Abana biwe na bo nyene basabirijwe mw’ihuriro ry’amabarabara yose+; kandi abanyacubahiro biwe babagabanganye biciye ku bupfindo+; abahambaye biwe bose baboheshejwe amapingu+.