8 Ayandi masederi ntaho yari ahwaniye na ryo mu murima w’Imana+. Nayo ibiti vy’imiberoshi, ntaho vyasa na ryo ku bijanye n’amashami yaryo. N’ibiti vy’imyarumoni ntaho vyasa na ryo uravye amasango. Nta kindi giti mu murima w’Imana casa na ryo mu bwiza bwaryo+.