11 “‘Kandi kuri uwo musi nzoha Gogi+ ikibanza ng’aho, imva muri Isirayeli, umubande w’abarengana, ku ruhande rw’ubuseruko bw’ikiyaga, kandi uwo mubande uzoza urahagarika abarengana. Aho ni ho bazohamba Gogi n’isinzi ryiwe ryose, kandi bazowita Umubande w’Isinzi rya Gogi+.