4 Kandi Farawo ntazobumviriza+; nanje nzobwirizwa gushira ukuboko kwanje kuri Misiri, nkure mu gihugu ca Misiri ingabo zanje+, abantu banje+, ari bo bene Isirayeli+, nkoresheje imanza zikomeye+.
19 Ku bw’ivyo ba baherezi b’abanyamageza babwira Farawo bati: “Ni urutoke+ rw’Imana+!” Mugabo umutima wa Farawo ubandanya kuba intabarirwa+, ntiyabumviriza, nk’uko Yehova yari yavuze.