19 Abo bakerubi baduza rero amababa yabo, baraduga bava kw’isi+ ndavyibonera. Igihe basohoka, amakurudumu na yo nyene yari hafi iruhande yabo; bahagarara ku bwinjiriro bw’irembo ry’inzu ya Yehova bwo mu buseruko, kandi ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo, buvuye hejuru.