ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 23:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 “Vyizavyiza mu vyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwawe, uze ubizane ku nzu ya Yehova Imana yawe+.

      “Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.

  • Guharura 3:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kuko imfura yose ari iyanje+. Kuri wa musi nakubita imfura yose mu gihugu ca Misiri+ nariyejereje imfura yose muri Isirayeli, uhereye ku muntu ugashika ku gikoko+. Bizoba ivyanje. Ndi Yehova.”

  • Guharura 18:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Ivyiza vyose kuruta ibindi mu mavuta, n’ivyiza vyose kuruta ibindi mu muvinyu mushasha n’intete, imishuzo+ yavyo, ivyo bazoha Yehova, nabiguhaye+.

  • Guharura 18:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Kize giharurwe kuri mwebwe bwa ntererano yanyu, nk’intete z’imbuga y’ikubitiro+ kandi nk’umwimbu wuzuye w’uruganiro rw’umuvinyu canke rw’amavuta.

  • Gusubira mu vyagezwe 18:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ivya mbere ku ntete zawe, ku muvinyu wawe mushasha no ku mavuta yawe n’ubwoya bwa mbere ku bukemuwe ku mukuku wawe, ukwiye kubimuha+.

  • 2 Ngoma 31:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Vyongeye, abwira abantu, ababa i Yeruzalemu, ngo batange umugabane w’abaherezi+ n’uw’Abalewi+, kugira ngo bumire+ rwose kw’itegeko rya Yehova+.

  • 2 Ngoma 31:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Maze Azariya+ umukuru w’abaherezi wo mu nzu ya Zadoki+ aramubwira, egome, avuga ati: “Kuva igihe batanguriye kuzana intererano+ mu nzu ya Yehova abantu bagiye bararya bagahaga+, hakagira n’ibisaguka vyinshi+; kuko Yehova yahezagiye abantu biwe+, kandi uwu mukimba wose ni ivyasigaye.”

  • Nehemiya 10:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 twitegeka no kuzana ku nzu ya Yehova ivyamwa vya mbere vyeze vy’ubutaka bwacu+ n’ivyamwa vya mbere vyeze mu vyamwa vyose vy’ubwoko bwose bw’ibiti+, ku mwaka ku mwaka;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika