25 “Nawe Ezira, wisunze ubukerebutsi+ bw’Imana yawe buri mu kuboko kwawe, nugene ibisongerezi vy’abacamanza n’abacamanza kugira ngo bagume bacira imanza+ abantu bose bari hakurya ya rwa Ruzi, egome, abazi amategeko y’Imana yawe bose; kandi uwutayazi wese muze muyamwigishe+.