18 Kuri uwo musi Yehova agirana na Aburamu isezerano+, avuga ati: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu+, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+:
7 “Nzoshitsa isezerano ryanje riri hagati yanje nawe+ be n’uruvyaro* rwawe mu nyuma zawe nk’uko amayaruka yabo ari, ribe isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero+, kugira nerekane ko ndi Imana kuri wewe no ku ruvyaro rwawe mu nyuma zawe+.