Itanguriro 17:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Imana na yo ivuga iti: “Sara umugore wawe agiye koko kukuvyarira umuhungu, kandi uze umwite Izahaki+. Nzoshinga isezerano ryanje hamwe na we, ribe isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero ku ruvyaro rwiwe mu nyuma ziwe+. Mika 7:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uzotanga kwa kuri kwahabwa Yakobo, bwa buntu bwuzuye urukundo bwahabwa Aburahamu, ivyo warahiye ba sogokuruza bacu kuva mu misi ya kera+. Abagalatiya 3:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+.
19 Imana na yo ivuga iti: “Sara umugore wawe agiye koko kukuvyarira umuhungu, kandi uze umwite Izahaki+. Nzoshinga isezerano ryanje hamwe na we, ribe isezerano ryo gushika igihe kitagira urugero ku ruvyaro rwiwe mu nyuma ziwe+.
20 Uzotanga kwa kuri kwahabwa Yakobo, bwa buntu bwuzuye urukundo bwahabwa Aburahamu, ivyo warahiye ba sogokuruza bacu kuva mu misi ya kera+.
16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu+ n’uruvyaro*+ rwiwe. Ntihavuga ngo: “No ku mvyaro” nk’aho zoba ari nyinshi, ahubwo havuga nk’aho ari rumwe+ hati: “No ku ruvyaro+ rwawe,” ari rwo Kristu+.