Yobu 4:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Ku vyo maze kubona, abarementanya ibintu bibabaza,N’ababiba ivyago ni vyo ubwabo bazoshwabura+. Imigani 22:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Uwubiba ibitagororotse azoshwabura ibintu bibabaza+, mugabo inkoni y’uburake bwiwe izovaho+. Abagalatiya 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;