11 Maze batangura kwibuka imisi ya kera, na Musa umusavyi wiwe, ngo: “Ari hehe Umwe yabadugana abakuye mu kiyaga+ hamwe n’abungere b’umukuku wiwe+? Ari hehe Umwe yamushiramwo impwemu nyeranda yiwe+?
4 Kuko nabaduganye ndabakuye mu gihugu ca Misiri+, nkabacungura ndabakuye mu nzu y’abashumba+; maze narungitse imbere yanyu Musa na Aroni na Miriyamu+.