15 mugabo bizovugwa ngo: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova yaduganye bene Isirayeli abakuye mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragirijemwo!”, kandi nzobagarukana koko ku butaka bwabo, ubwo nahaye ba sekuruza babo+.’
28 “‘Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yabo, ninabarungika mu bunyagano mu mahanga kandi vy’ukuri nkabegeraniriza hamwe ku butaka bwabo+, ku buryo ata n’umwe muri bo nzokwongera kureka ngo asigareyo+.