ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 30:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Yehova Imana yawe na we ntazobura kugarukana imbohe zawe+ no kukugirira imbabazi+, asubire agutororokanye agukuye mu bisata vyose vy’abantu Yehova Imana yawe yagusanzarijemwo+.

  • Yeremiya 16:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 mugabo bizovugwa ngo: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova yaduganye bene Isirayeli abakuye mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragirijemwo!”, kandi nzobagarukana koko ku butaka bwabo, ubwo nahaye ba sekuruza babo+.’

  • Ezekiyeli 39:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “‘Kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova Imana yabo, ninabarungika mu bunyagano mu mahanga kandi vy’ukuri nkabegeraniriza hamwe ku butaka bwabo+, ku buryo ata n’umwe muri bo nzokwongera kureka ngo asigareyo+.

  • Amosi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika