18 “Muri iyo misi, inzu ya Yuda izogendana n’inzu ya Isirayeli+, kandi bazovana+ mu gihugu co mu buraruko binjire mu gihugu nahaye ba sogokuruza banyu bwa ntoranwa+.
3 Kuko, “ehe imisi iraje,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzokoranya abantu banje bagizwe imbohe, Isirayeli na Yuda+,” ni ko Yehova avuze, “kandi nzobagarukana mu gihugu nahaye ba sekuruza babo, na bo bazosubira kucigabira koko+.”’”
37 ‘Ehe nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nzoba nabashwiragirijemwo mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje no mu burakari bukaze+; nzobagarukana aha hantu, ntume biberaho mu mutekano+.