ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 14:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Iyi rero ni yo ntoranwa bene Isirayeli baronse mu gihugu ca Kanani+, iyo Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru ba ba se b’imiryango ya bene Isirayeli batumye batorana+.

  • Ezira 2:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Aba ni bo bana b’intara y’ubutware+ baduze bavuye iyo abajanywe ari inyagano+ bari baragiriwe imbohe, abo Nebukadinezari umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano+ i Babiloni maze mu nyuma bagasubira+ i Yeruzalemu no muri Yuda+, umwe wese mu gisagara ciwe,

  • Yeremiya 16:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 mugabo bizovugwa ngo: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova yaduganye bene Isirayeli abakuye mu gihugu co mu buraruko no mu bihugu vyose yari yarabashwiragirijemwo!”, kandi nzobagarukana koko ku butaka bwabo, ubwo nahaye ba sekuruza babo+.’

  • Yeremiya 32:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 “‘Abantu bazogura amatongo amahera, bandike ku vyete+, babidomeko ikidodo, batore ivyabona+ mu gihugu ca Benyamini+, no mu micungararo ya Yeruzalemu+, no mu bisagara vya Yuda+, no mu bisagara vyo mu karere k’imisozi, no mu bisagara vyo mu ntara yo hasi+, no mu bisagara vyo mu bumanuko+, kuko nzogarukana abagizwe imbohe babo+,’ ni ko Yehova avuze.”

  • Ezekiyeli 20:42
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 42 “‘Kandi muzobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+, ninabazana ku butaka bwa Isirayeli+, mu gihugu nadugije ukuboko nkarahira ko nzogiha ba sogokuruza banyu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika